Benjamin Mendy yavuze ko yaryamanye n'abagore 10.000, ni ko ...

30 Jun 2023

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu,

Benjamin Mendy arahakana ivyaha bibiri yagirizwa

Benjamin Mendy - Figure 1
Photo BBC News

Haciye amasaha 6

Umukinyi wa Manchester City Benjamin Mendy yafashe ku nguvu umukobwa, hanyuma aca amubwira ati: "Ni sawa, maze kuryamana n’abagore 10.000”, niko sentare yabwiwe.

Uyu mukinyi w’imyaka 28 yagirizwa ko yafashe ku nguvu uyu mugore, ico gihe yari afise imyaka 24, mu nzu yiwe ifise agaciro k’imiriyoni zine z’amapawundi mu kigwati ca Mottram St Andrew co mu karere ka Cheshire, mu kw’icumi 2020.

Yagirizwa kandi kugerageza gusambanya ku nguvu uwundi mugore yari afise imyaka 29 ico gihe, na we nyene akavuga ko hari haciye imyaka ibiri amufatiye muhira iwe.

Uyu mukinyi arahakana ibi vyaha vyompi bibiri yagirizwa.

Aracaburanywa na sentare ya Chester Crown Court.

Umurwi w’abacamanza ugizwe n’abagore batandatu n’abagabo batandatu wabwiwe n’umucamanza afise uru rubanza Stephen Everett, ko basanze ivyaha abandi bagore bagiriza uno mukinyi mpuzamakungu w’Umufaransa bitamwagira, inyuma y’urubanza rwarangiye mu kwa mbere uno mwaka.

Yabwiye umurwi w’abacamanza ko sentare igihe iheruka yananiwe no gushika ku mwanzuro ku vyaha bibiri yariko aragirizwa, ico co gufata ku nguvu no kugerageza gufata ku nguvu, ivyatumye asubira kuburanishwa kuri ibi vyaha nyene.

Uyo mucamanza yarabagabishije ko batofatira ku vyavuzwe rubanza ruheze canke ku makuru acishwa mu binyamakuru, ahubwo ko bofata ingingo bisunze ivyemezo bitangwa muri sentare muri uru rubanza rw’ubu.

Yugurura urubanza, Benjamin Aina KC, yavuze ati: "Benjamin Mendy ni umukinyi w’umupira w’amaguru yari afitaniye amasezerano na Manchester City FC.

"Yarashobora kuba afise imisi mikuru n’ibirori muhira iwe, The Spinney, i Mottram St Andrew muri Cheshire.

"Yashobora kuba afise abashitsi b’abagore n’abagabo mu birori vyiwe.

"Abamwagiriza bemeza ko ku ncuro zibiri, Mendy yikoze kuri babiri mu bashitsi biwe b’abagore.

"Ubwa mbere, yagerageje gusambanya ku nguvu umushitsi w’umugore, umugore A.

"Ikindi gihe yasambanije ku nguvu umushitsi w’umugore muri kimwe mu vyumba vyiwe, umugore B”.

Aina yavuze ko Mendy yabonanye ubwa mbere n’uyu mugore A, umunyeshure w’Umwongerezakazi, bahuriye mu kabare i Barcelona mu mpera za 2017 akaba yaciye akundana n’umwe mu bagenzi biwe (Mendy).

Bagumye bavugana hanyuma inyuma y’umwaka, uyu mugore yateguye kubonana n’umugenzi w’uno yagirizwa ku muhana w’uno mukinyi, aho bagumye inyuma y‘uko bose basohokanye abandi bakobwa mw’joro.

Bukeye mu gatondo, uno mugore avuye kwoga, Mendy yiteye mu cumba ciwe atawamuhamagaye, yambaye agahuzu ko musi, kandi “yashushe”, nk’uko sentare yabibwiwe.

Uno mukinyi aregwa ko yaciye afata uyu mugore amuryamika ku gitanda, agerageza kumusambanya ku nguvu nawe agerageza kumwikura, aguma amubwira ko yoreka.

Haciye imyaka ibiri, wa mugore B yasohokanye na bagenziwe mu kabare ahitwa Alderley Edge muri Cheshire, hafi y’umuhana wa Mendy, hanyuma uno mukinyi arabatumira muhira iwe.

Read more
Similar news
This week's most popular news